Uko wahagera

Obama Asaba Urwaruka Kubandanya Iragi rya Mandela


Uwahoze ari perezida wa Amerika, Barack Obama ariko ashikiriza ijambo mw'isabukuru y'ukwibuka amavuko ya Nelson Mandela
Uwahoze ari perezida wa Amerika, Barack Obama ariko ashikiriza ijambo mw'isabukuru y'ukwibuka amavuko ya Nelson Mandela

Abanyafrika y’epfo ibihumbi 14 bakoraniye mu kibuga c’urukino rwa cricket mu gisagara ca Johannesburg kwumviriza Barack Obama yahoze ari prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Ni mw’ijamnbo ryiwe umusi umwe imbere y’ukwibuka imyaka 100 y’amavuko ya Nelson Mandela.

Obama yavuze ko abategetsi batwaza igitugu bariko batera bakomera kurushiriza muri iki gihe. Yatangaje ko abo bategetsi bariko bageramira inzego zose n’amategeko aha demokrasi insiguro.

Obama yahamagariye abakiri bato muri Afrika y’epfo kubandanya urugamba rwa Mandela rw’uguharanira demokrasi, ukubana hagati y’abantu badasangiye ubwoko canke ibara ry’urukoba, agateka ka muntu.

Ni ryo jambo rikomeye cane Obama ashikirije kuva avuye ku butegetsi mu mwaka w’i 2017, inyuma y’imyaka umunani mu mabanga y’umukuru w’igihugu.
Obama yarabonanye na Nelson Mandela mu kiringo gitoyi cane mu mwaka w’i 2015, imyaka itatu imbere y'uko aba umuprezida wa mbere w’umwirabure muri Amerika.

Imbere yuko aja muri Afurika y’epfo, Barack Obama, yaragize urugendo rw’imisi ibiri mu gihugu ca Kenya, aho se wiwe yavukiye.

Yaragiranye ibiganiro ku musi w’Imana na Perezida Uhuru Kenyatta, n’umunyepolitike atavuga rumwe na reta, Raila Odinga. Inyuma y'aho, yaragendereye igisagarea gitoyi ca Kogelo, aho se wiwe yavukiye. Yahuguruye ikigo kigenewe guha inyigisho abakiri bato mu bijanye n'ubumenyi n’inkino cashinzwe na mushiki we, Auma Obama, basangiye se.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG