Uko wahagera

Umurusiyakazi Yagirizwa Gusuma Urusaku muri Amerika


Maria Butina, yagirizwa gusumira urusaku Uburusiya.
Maria Butina, yagirizwa gusumira urusaku Uburusiya.

Umufasha w’umutegetsi w’Uburusiya wo ku rwego rwo hejuru yafatiwe ibihano na Reta zunze ubumwe z’Amerika, yagirijwe gusumira urusaku Uburusiya muri Amerika.

Maria Butina, w’imyaka 29 y’amavuko, yafashwe ku musi w’Imana yagirizwa gukorera iperereza ry’Uburusiya muri Amerika, atabimenyesheje umushikirizamanza mukuru w'Amerika.

Ibiro vy’inyamiramabi vya FBI, bimenyesha ko hagati y’imyaka 2015 na 2017, Butina yakora nk’umufasha w’umutegetsi akomeye w’ibanki y’Uburusiya.

FBI ntiyashimye kuvuga izina ry’uwo mutegetsi ariko imenyesha ko yari mu bafatiwe ibihano vy’ubutunzi na Reta zunze ubumwe z'Amerika mu kwezi kwa kane.



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG