Uko wahagera

Etiyopiya na Eritereya Byahisemo Amahoro


embassy eritrea in addis
embassy eritrea in addis

Eritreya yasubiye kwugurura ambasade yayo mu gihugu ca Etiyopiya. Iyo ambasade yuguruwe, uno musi ku wa mbere, indwi imwe inyuma yuko ivyo bihugu bibiri bisubiye kugirana imigenderanire inyuma y’imyaka mirongo ibiri y’icuka kibi hagati yavyo.

Umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya, Abiy Ahmed, yahaye prezida wa Eritreya, Isaias Afwerki, impfunguruzo za mbasade iri hagati ku murwa mukuru, Addis Abeba. Iyugururwa rya ambasade ryakwirikiye urugendo rw’imisi itatu rwa Prezida Afwerki muri Etiyopiya.

Abantu ibihumbi n’ibihumbi bari mu kamwemwe ku murwa mukuru, Addis Abeba, ku musi w’Imana igihe umushikiranganji wa mbere, Abiy Ahmed, na Isaias Afwerki, bahoberana mu giteramo cahimbaza amasezerano y’amahoro y’ibihugu vyabo bitacana uwaka.

Prezida, Isaias, yabwiye abanya etiyopiya ko urwanko n’ikumira vyarangiye muri iki gihe. Yatangaje ko biteguriye gutera baja imbere hamwe n’abanya etiyopiya bari umwe.

Umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya, Abiy Ahmed, yatangaje ko bahisemwo inzira y’ukurekurirana.

Abategetsi b’ibihugu vyompi vya Etiyopiya na Eritreya bizeye ko amasezeranso y’amahoro bateyeko igikumu azotuma haba iterambere kurushiriza mu vy’ubutunzi muri ivyo bihugu bibiri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG