Uko wahagera

Abatari bake Boba Baraguye mu Gitero ca Boko Haram muri Nijeriya


Isanamu yerekana umuji wa Maiduguri aho waterwa na Boko Haram mu kwa kane

Abasirikare batari bake barishwe mu gitero c’umurwi Boko Haram kw’ikambi ikomeye y’igisirikare ca Reta, mu mpera z’iyi ndwi turangije, mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu ca Nijeriya.

Abarwanyi bikekwa ko ari ab’umurwi Boko Haram barateye ikambi irimwo abasirikare barenga 700, ku muhingamo wo ku musi wa gatandatu, mu ntara ya Yobe iri ku rubibe n’igihugu ca Niger. Ivyo vyakwirikiye ikindi gitero cahiga abasirikare mu ntara ya Borno ihana urubibe n’intara ya Yobe.

Nta gitigiri c’abahasize ubuzima canke abakomeretse catangajwe n’abategetsi inyuma y’igitero co ku musi wa gatandatu. Yamara amakuru yatangajwe n’abasirikare batashatse kumenyekana avuga ko batakaje abasirikare 31, muri bo intwazangabo zitatu.

Ayo makuru atangaza kandi ko abarwanyi babiri bishwe muri ico gitero, mu gihe abasirikare 24 bakomeretse bajanywe mu bitaro kuvurwa.

Abarwanyi b’umurwi, Boko Haram, bavugwa ko binjiye mw’ikambi yo mu ntara ya Yobe bambaye impuzu z’igisirikare bari mu modoka z’igisirikare ca Nijeriya.

Abasirikare ba Reta babafashe nka bagenzi babo, bugurura imiryango y’ikambi yabo.

Umuvugizi w’igisirikare yarabeshuje yamara ko hari abasirikare babuze. Yatangaje ko ico gitero catujijwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG