Uko wahagera

Barack Obama Yongeye Gusura Kogelo muri Kenya


Barack Obama ari kumwe n'abana bo mu karere ka Kogelo
Barack Obama ari kumwe n'abana bo mu karere ka Kogelo

Barack Obama, yahoze ari perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, yagendeye uno musi ku wa mbere umuryango we wo mu gihugu ca Kenya, mu burengero bw’igihugu. Yahuguruye ikigo c’abakiri bato catunganijwe na mushiki we basangiye umuvyeyi umwe, Auma Obama. Ni rwo rugendo Obama agize ubwa mbere mu gihugu se wiwe avukamwo kuva mu mwaka w’i 2015.

Obama yatangaje ko ari akamwemwe kuri we kuba agarutse kuramutsa umuryango wiwe.

Mu gitondo c’uno musi ku wa mbere, Obama yagendeye aho se wiwe yavukiye kandi yashinguwe. Yibukije urugendo rwa mbere yagize mu gihugu ca Kenya afise imyaka 27.

Ivyo Obama yabitangaje mu birori vy’ukwugurura ikigo c’abana bakiri bato citwa, “Sauti Kuu”, cashinzwe na mushiki we Auma Obama. Obama yavuze ko yishimiye ivyo Auma Obama yaranguye.

Auma Obama yatangaje ko ikigo “Sauti Kuu” yashinze kizotuma abakiri bato bava mu karere bashobora kuronka ibitabo, ubuhanga bwa interneti n’ukugira imirimo ijanye n’inkino.

Yatangaje kandi ko abakiri bato bazoronswa inyigisho ku vyerekeye gukunda igihugu, ku bijanye n’amafranga, gukingira ibidukikije n’ugukunda akazi.

Arangije urugendo muri Kenya, Barack Obama araja mu gihugu ca Afrika y’epfo, aho azoshikiriza ijambo ririndiwe n’abantu benshi ku musi w’ukwibuka imyaka 100 y’amavuko ya Neslon Mandela.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG