Uko wahagera

Ihimbazwa ry'Amasezerano y'Amahoro Hagati ya Etiyopiya na Eritreya


Abategetsi ba Eritrea Ethiopia
Abategetsi ba Eritrea Ethiopia

Muri Etiyopiya, kur'uyu wa mungu abantu ibihumbi n’ibihumbi bari mu munezero ntangere aho umutegetsi wa Etiyopiya na Eritreya bagwana munda mu birori vyo guhimbaza amasezerano y’umwumvikano hagati y’ibihugu vyabo bitahora bitacana uwaka. Ikiringo kirenga imyaka mirongo ibiri.

Ni mugihe umukuru w’igihugu ca Eritreya yari m urugendo muri Etiyopia inyuma y'aho mugenzi we Ahmed yahora mu gihugu ciwe haciye indwi.

Mw'ijambo yashikirije ari hafi gukorora amosozi umukuru w’igihugu ca Eritreya, yabwiye abanyetiyopiya ati “Urwanko, amacakubiri, ukwikekana, ubu vyose birarangiye.” Ati “twiteguriye kwifatanya namwe kugira dutere intambwe". Ati kandi “ Ubu nta muntu n’umwe ashobora kutunyaga urukundo twongeye kugira hagati yacu.”

Umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya, Abiy Ahmed nawe avuga ati “ Uguharira biraruhura ivyiyumviro. Iyo tuvuze ko twahanye imbabazi tukongera tukwunga ubumwe, dushatse kuvuga yuko twahisemwo inzira yo guharira no gukundana”.

Ivyo bihugu vyompi vyemeraniye kwugurura ibiro vy’ubuserukizi bwavyo vyari vyarugawe, bugurure imigenderanire hagati yabo mu birere, bongere bubake ibivuko.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG