Uko wahagera

Ubufransa Bwatsindiye Igikombe c'Isi Yose


Abakinyi b'Ubufransa bariko bahimbaza intsinzi yabo y'igikombe c'isi yose c'umupira w'amaguru c'uyu mwaka w'i 2018

Ubufransa bwatsindiye igikombe c’is yose c’umupira w’amaguru co muri uyu mwaka w’i 2018 cariko kibera mu gihugu c’Uburusiya.

Ubufransa bwatsinze Croatia ibitsindo bine kuri ibiri mu rukino rwa nyuma rw’igikombe c’isi yose.rwabaye ejo ku musi w'Imana.

Ku ruhande rw’Ubufransa ivyo bitsindo vyinjijwe n’abakinyi, Antoine Griezmann, kuri penalti ku munuta wa 38, Paul Pogba, ku munuta wa 59, na Kylina Mbappe, ku munuta wa 65. Igitsindo kigira kane cinjijwe n’umukinyi wa Croatia, Mario Mandzukic, mw’igoli ryiwe ku munuta wa 18.

Ku ruhande rwa Croatia abinjije ibitsindo ni Ivan Perisic, ku munuta wa 28 na Mario Mandzukic, ku munuta wa 69.

N’ubugira kabiri Ubufransa butsindira igikombe c’isi yose. Irya nyuma ico gihugu caheruka gutsindira igikombe c’isi yose hari mu mwaka w’i 1998.

Didier Deschamps, abaye umuntu agira gatatu mu mateka y’umupira w’amaguru atsindiye igikombe c’isi yose c’umupira w’amaguru ari umukinyi n’umumenyereza mukuru.

Yari kapiteni w’umurwi nserukiragihugu w’Ubufransa watsindiye igikombe c’isi yose co mu mwaka w’i 1998.

Abandi batsindiye igikombe c’isi yose ari abakinyi bakongera bakagitsindira ari abamenyereza ni Mario Zagallo wo mu gihugu ca Brezil na Franz Beckenebauer wo mu Budagi.

Zagallo yatsindiye igikombe c’isi yose ari umukinyi mu mwaka w’i 1958 no mu mwaka w’i 1962. Yatsindiye ico gikombe ari umumenyereza mukuru w’umurwi nserukiragihugu wa Brezil mu mwaka w’i 1970.

Franz Beckenbauer yatindiye igikombe c’isi yose ari umunkinyi mu mwaka w’i 1974, no mu mwaka w’i 1990 ari umumenyereza mukuru w’igihugu c’Ubudagi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG