Uko wahagera

ONU Yemeje Ibihano kuri Sudani y'Epfo


Riek Machar, hamwe na perezida Salva Kiir inyuma y'ishingwa rya reta mfatakibanza.
Riek Machar, hamwe na perezida Salva Kiir inyuma y'ishingwa rya reta mfatakibanza.

Inama y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ijejwe amahoro n’umutekano kuri uyu wa gatanu yemeje ibihano bibuza Sudani y’epfo kugura ibirwanisho, yongera ifatira ibihano abategetsi babiri ba gisirikare. Iyo ngingo ije inyuma y'aho utwigoro twa kidipolomasiye tunaniriwe kurangiza intambara igira ikwize imyaka itanu mur’ico gihugu.

Ivyo bihano vyemewe n’ibihugu icenda bishashe muri ako kanama. Uburusiya, Ubushinwa hamwe n’ibindi bihugu vyahisemwo kutagira ico bivuze.

Ambasaderi wa Etiyopiya muri ONU, Tekeda Alemu, igihugu ciwe kiriko kirongora utwigoro two kurondera amahoro muri Sudani y’epfo, yavuze ko adashigikiye ivyo bihano kuko bishobora gusubiza inyuma ibikorwa vya kidipolomasiya vyari bisanzwe bigoyagoya.

ONU ivuga ko ifise amakenga kubona abategetsi ba Sudani y’epfo barananiwe kwumvikana kurangiza intambara, ica ifata ingingo ibuza ico gihugu kugura ibirwanisho gushika mu kwezi kwa gatanu, umwaka w’2019.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG