Uko wahagera

Ibihano Bikomeye kuri Sudani y'Epfo kuri uyu wa Gatanu


Inama ya ONU ijejwe umutekano, ku cicaro cayo i New York, itariki 9/04/2018.
Inama ya ONU ijejwe umutekano, ku cicaro cayo i New York, itariki 9/04/2018.

Inama ya ONU ijejwe amahoro n’umutekano kw'isi kuri uyu wa gatanu, iremeza itegeko rifatira ibihano vyo kugura ibirwanisho ku gihugu ca Sudani y’epfo hamwe no ku bategetsi babiri ba gisirikare, inyuma y’aho utwigoro twa kidipolomasiya twananiwe guhagarika intambara igira ikwize imyaka itanu.

Intumwa za Reta zunze ubumwe z’Amerika muri ONU, ejo ku musi wa kane zariko zikwiragiza integuro y’itegeko isa n’iyishobora kwemezwa, itegeko rizobuza Sudani y’epfo kugura ibirwanisho gushika mu kwezi kwa gatanu umwaka w’2019.

Igihugu ca Ethiopiya, cari kirongoye utwigoro tw’akarere two kurondera amahoro, kuri uwo musi wa kane cashikirije ko giteye kubiri n’iyo nteguro ya ONU kuri Sudani y’epfo.

Gisaba Reta zunze ubumwe z’Amerika guhagarika iryo tora. Aya makuru Ijwi ry’Amerika riyakesha itororokanirizo ry’Amakuru ry’Abafaransa AFP.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG