Uko wahagera

Inyuma yo Guterana Amajambo, OTAN Yagondojwe


Abakuru b'ibihugu bigize umuryango wa OTAN i Buruseli mu Bubiligi, itariki 11/07/2018
Abakuru b'ibihugu bigize umuryango wa OTAN i Buruseli mu Bubiligi, itariki 11/07/2018

Abakuru b’ibihugu biri mw’ishirahamwe ry’ibihugu vyo mu burengero bw’isi rijejwe kwivuna abansi, OTAN batangaje ku musi wa gatatu ko bemeranije kwongereza intererano z’amafaranga bakoresha mu kwivuna abansi.

Ivyo vyatangajwe inyuma y’amasaha make Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika Donald Trump yongeye kunegura ibihugu 29 vy’iryo shirahamwe rimaze imyaka 70 kuba bitongereza interereano yavyo kugira vyikingire umwansi.

Ivyo bihugu vyasavye abategetsi bo kw’isi kuguma baremera Koreya ya ruguru gushika ico gihugu kivavanuye na porogaramu yaco ya Nikleyeli. Vyashikirije kandi amakenga ku kuntu Irani kibandanya kigerageza porogaramu zayo za Misile bemeranya ko bagiye kugikurikiranira hafi kugira amasezerano bagiraniye ntazobe impfagusa.

Ishirahamwe OTAN ryemeye gutumira igihugu ca Macedoniya gutangura ibiganiro bizoba bigamije kwinjiza ico gihugu mur’uyo muryango.

Inama ya OTAN iriko ikoranira i Buruseli mu Bubiligi, irangira kuri uyu wa kane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG