Uko wahagera

Abashika 14 Barishwe na Bombe y'Umwiyahuzi muri Pakistani


Abajejwe gutabara muri Pakistani ahabereye igitero mu ntara ya in Peshawar, Pakistani, itariki 10/07/2018.
Abajejwe gutabara muri Pakistani ahabereye igitero mu ntara ya in Peshawar, Pakistani, itariki 10/07/2018.

Abantu bashika kuri 14 barimwo umukandida yariko yiyamamaza mu ndongozi z’intara barishwe, abandi 45 bakomeretswa na bombe y'umwiyahuzi yaturikiye ahariko habera imyiyamamazo mu matora mw’ijoro ryo ku musi wa kabiri mu buraruko bushira uburengero bwa Pakistani.

Nta muhari washotse wemanga ko ariwo wakoze ubwo bwicanyi, bwabaye mu gihe hasigaye indwi zibiri ngo igihugu ca Pakistani cinjire mu matora y’indongozi z’igihugu n’iz’intara.

Pakistani kimaze imyaka mu ruhagarara rw’abiyahuzi baturitsa bombe hamwe n’ibindi bitero vy’iterabwoba, vyinshi bikorwa n’Abatalibani.

Igitero co kuri uyu wa kabiri cabaye inyuma y’amasaha make igisirikare ca Pakistani gitangaje ko kizorungika abasirikare barenga ibihumbi 371 mu bibanza vy’amatora gucungera ayo matora.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG