Uko wahagera

Umwibizi 1 Yapfuye mu Bikorwa vyo Gutabara Abana muri Thailande


Ifoto ya Samarn Poonan, w'imyaka 38, yapfuye ari mu bikorwa vyo gutabara abana b'abahungu 12 bagotewe mu nzira ica mu kuzimo muri Thailande, itariki 06/07/2018

Umwibizi karuhariwe wa Thailande yari mu bariko barafasha gutabara abana b’abahungu 12 bakina umupira w’amaguru hamwe n’umumenyereza wabo bagotewe mu muhora wo mu kuzimu mu buraruko bw’igihugu yarapfuye kubwo kubura impwemu za Oxygene.

Abategetsi bavuga ko uwo mugabo azwi kw’izina rya Samarn Poonan, yahora akorera igisirikare ca Thailande gikorera mu mazi.

Abaye umuntu wa mbere apfuye muri ico gikorwa co kugerageza kurokora abo bana, kigira kimare indwi zibiri.

Mugihe bivugwa ko ibihe biri imbere bishobora kurangwa n’imvura nyinshi, abategetsi bariko barondera ubundi buryo bwo gutabara abo bana n’umumenyereza wabo babacishije ahari amazi atekanye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG