Uko wahagera

Ibiziga 21 Biramaze Kurobwa mw'Isanganya ry'Ubwato muri Thailand


Abatabata batwaye uwakomeretse inyuma y'aho ubwato bwibiye mu mazi muri Thailand, Itariki 5/07/2018.
Abatabata batwaye uwakomeretse inyuma y'aho ubwato bwibiye mu mazi muri Thailand, Itariki 5/07/2018.

Ibiziga vy’abantu bashika kuri 21 nivyo bimaze gutorwa kuri uyu wa gatanu, abandi 29 baracaronderwa, inyuma y’aho ubwato barimwo bwibiriye mu kiyaga mw’izinga rya Phuket muri Thailand.

Ubwo bwato bwarimwo abantu 105, barimwo abakerarugendo 93, n'abakozi 11 bakora muri bwo, igihe bwazama mu kiyaga ku mugoroba wo ku musi wa kane mu bumanuko bwa Thailand. Abashika kuri 12 bariko baratwawe kwa muganga.

Umukapitene w’ubwo bwato, Phoenix Somjing Boontham yavuze ko umwavu winjiye muri moteri igihe ikiyaga cari gisuriwe vyatuma butabasha kunyaruka, imipfunda myinshi ica ituma buhindukira burazama.

Imbere y'aho hari Ubundi bwato bwari bwibiye kuri uyo musi wa kane nyene. Abategetsi bavuze ko abantu bose 42 bari muri bwo, abakerarugendo b’Abashinwa hamwe n’abanyabulaya bose batabawe kandi ari bazima.

Imvura nyinshi irangwa muri ako karere niyo yatumye ibiyaga bisurirana kandi bishobora kubandanya gushika ku musi wa kabiri nkuko bishikirizwa na buramatari w’ako karere ka Phuket, mu bumanuko bwa Thailand.

Phuket ni akarere gahurumbirwa n’abakerarugendo b’abanyamahanga. Abashika imiliyoni 35 nibo vyitezwe ko bazogendera Thailand uyu mwaka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG