Uko wahagera

Obiang Nguema Yatezuriye Abanyeporitike muri Guinee Equatorial


Perezida wa Guinne Equatorial Teodoro Obiang Nguema Mbasogo
Perezida wa Guinne Equatorial Teodoro Obiang Nguema Mbasogo

Perezida wa Guinee Equatorial Teodoro Obiang Nguema kuri uyu wa gatatu yatangaje ko agiriye ikigongwe abapfungiwe ivya poritike bose hamwe n’abanyeporitike babujijwe ibikorwa mu gihugu. Ni mw’itegeko rya perezida ryatangajwe kuri televiziyo y’igihugu.

Iyo ngingo ifashwe inyuma y’aho Perezida Obiang, ari ku butegetsi kuva mu mwaka w’1979, mu kwezi guheze yasavye ibiganiro n’imirwi itavugarumwe na reta.

Imigambwe itanu ya poritike yaramaze kwerekana ubushake bwo kuja mur’ivyo biganiro muri uku kwezi kw’indwi mugihe umutekano wabo wocungerwa.

Obiang Nguema amaze imyaka yababa 40 ku butegetsi yamye yagirizwa ko intwaro yiwe irangwa no kurya ibiturire hamwe no guhonyanga agateka kazina muntu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG