Uko wahagera

Abandi Bantu babiri Bahawe Uburozi mu Bwongereza


Abaporisi b'Ubwongereza bahagaze hanze y'inzu i Amesbury, mu Bwongereza, Italiki 4/07/2018.
Abaporisi b'Ubwongereza bahagaze hanze y'inzu i Amesbury, mu Bwongereza, Italiki 4/07/2018.

Mu Bwongereza umugabo n’umugore wiwe barabangamiwe n’amagara inyuma y’aho baherewe ubumara bwakoreshejwe mu kuroga Umurusiya Sergei Skripal n’umukobwa wiwe mu kwezi kwa gatatu. Ivyo bishikirizwa n’igiporisi kirwanya iterabwoba mu Bwongereza.

Umugabo w’imyaka 44, Dawn Sturgess hamwe n’umugore wiwe Charlie Rowley, w’imyaka 45, babonwe bataye ubwenge ku musi wa gatandatu i Amesbury, ku bilometero 13 uva mu gisagara ca Salisbury, aho Sergei Skripal yahoze ari umusumyi w’urusaku ku butaka bw’Ubwongereza n’umukobwa wiwe Yulia babatoye mu kwezi kwa gatatu.

Amatohoza y’igiporisi kirwanya iterabwoba yatanguye kugira bamenye ukuntu abo bantu bahawe iryo shano ry'ubumara.

Umushikiranganji w’Ubwongereza w’intwaro yo hagati, Sajid Javid yatumyeko inama ya reta yihutirwa kuri uyu wa kane kur’ico kibazo.

Ubwongereza bwagirije Uburusiya kuba ari bwo bwahaye ishano Sergei Skripal n’umukobwa wiwe Yulia, ariko Uburusiya bwarabihakanye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG