Uko wahagera

Zimbabwe: Abakekwa Gushaka Kugandagura Mnangagwa Barafashwe


Perezida wa Zimbabwe, Emmerson Mnangagwa, mu bikorwa vyo kwiyamamaza i Bulawayo, itariki 23/06/2018.
Perezida wa Zimbabwe, Emmerson Mnangagwa, mu bikorwa vyo kwiyamamaza i Bulawayo, itariki 23/06/2018.

Igipolisi mu Zimbabwe cashikirije kuri uyu wa kabiri ko cafashe abantu babiri bakekwa kuba barateye gerenade yishe abantu babiri, yongera ihusha gato Perezida Emmerson Mnangagwa ku musi wo kwiyamamariza amatora y’umukuru w’igihugu.

Umukuru w’igipolisi, Godwin Matanga yatangaje ko amatohoza abandanya kuri ubwo bwicanyi bwabereye mu gisagara kigira kabiri mu bunini ca Bulawayo kw’italiki ya 23 z’ukwezi kwa gatandatu.

Mwomenya ko abantu 50 aribo bakomeretse igihe iyo gerenade yaturika, mugihe Perezida Mnangagwa yari avuye mu kibanza yariko ariyamamarizamwo ku ruhande rw’umugambwe ZANU-PF uri ku butegetsi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG