Uko wahagera

Afrika Yashigikiye Kandidatire ya Mushikiwabo muri OIF


Umushikiranganji w'u Rwanda ajejwe imigenderanire n'ayandi makungu, Louise Mushikiwabo, yishura abamenyeshamakuru kuri ambasade y'u Rwanda i Washington. USA itariki 22/10/2012.
Umushikiranganji w'u Rwanda ajejwe imigenderanire n'ayandi makungu, Louise Mushikiwabo, yishura abamenyeshamakuru kuri ambasade y'u Rwanda i Washington. USA itariki 22/10/2012.

Abakuru b’ibihugu bigize umuryango w’ubumwe bwa Afrika, barashigikiye kandidatire y’u Rwanda yo kurongora ishirahamwe mpuzamakungu rihurikiyemwo ibihugu bivuga ururimi rw'Igifaransa, OIF, nkuko amakuru ava mu ba diplomate yabibwiye itororokanirizo ry’Amakuru ry'Ubufaransa, AFP kuri uyu wa mbere.

Umushikiranganji w’u Rwanda ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu Louise Mushikiwabo, w’imyaka 57, yatanguye kwiyamamariza ico kibanza kuva mu kwezi guheze.

Iyo ngingo yo gushigikira kandidatire yiwe yafatiwe mu nama yahuje abo bakuru b’ibihugu i Nouakchott, ku murwa mukuru wa Mauritaniya, nkuko vyashikirijwe n’umwe mu bashikiranganji b’imigenderanire aserukira igihugu kiri mur'iryo shirahamwe OIF.

Ishirahamwe OIF rigizwe n’ibihugu 84 hamwe n’abarorerezi. Umunyamabanga mukuru waryo, Michaelle Jean, w’imyaka 60, umunya Canada afise amamuko muri Haiti, manda yiwe iherana n’ukwezi kwa cumi. Canada kirashigikiye ko arongora manda igira kabiri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG