Uko wahagera

Uburusiya: Inkino za 1/8 c'Igikombe c'Isi Zirabandanya


Umukinyi Neymar wa Brezil nyuma yo gutsinda igitsindo cya mbere mu mukino wabahuje na Mexique. Samara Arena, i Samara, Uburusiya 02/07/2018

Uyu musi ku wa mbere n’umusi ugira uwa 18 w’inkino z’igikombe c’isi yose mu gihugu c’Uburusiya.

Mu nkino z’uno musi za kimwe c’umunani, Brezil yatsinze Mexique ibitsindo bibiri ku busa. Ivyo bitsindo vyinjijwe n’abakinyi, Neymar ku munuta wa 51 na Roberto Firmino ku munota wa 88.

Mu rundi rukino rugira kabiri, Ububiligi bukina n’Ubuyapani.

Mu nkino zo muri kimwe c’umunani zizoba ejo ku musi wa kabiri, Ubwongereza buzohura na Colombiya mu gihe Ubusweda buzokina n’Ubuswise.

Mu nkino zabaye ku musi w’Imana, Uburusiya bwatsinze Espanye amapenalti ane kuri atatu inyuma yuko iyo mirwi irangije ifise igitsindo ku kundi mu kiringo c’iminuta 90 yahariwe mu bisanzwe urukino rw’umupira w’amaguru no mu kiringo c’iminuta 30 y’inyuma yaho.

Croatia yastinze Danemark amapenalti atatu kuri abiri. Iyo mirwi uko ari ibiri yari yarangije inganya igitsindo ku kindi mu kiringo c’iminuta 90 yahariwe mu bisanzwe urukino n’iminuta 30 y’inyuma yaho.

Naho mu nkizo za kimwe c’umunani zabaye ku musi wa gatandatu w’iyi ndwi turangije, Ubufaransa bwatsinze Argentine ibitsindo bine kuri bitatu. Ku ruhande rw’Ubufransa, ivyo bitsindo vyinjijwe n’abakinyi Antoine Griezmann kuri penalti ku munuta wa 13, Benjamin Pavard ku munuta wa 57, na Kylin Mbappe ku munuta wa 64, na 68.

Ku ruhande rwa Argentine, ibitsindo vyinjijwe na Ange Di Maria ku munuta wa 41, Mercado ku munuta wa 48, na Sergio Aguero ku munuta wa 93.

Mu rundi rukino, Uruguay yatsinze Portugal ibitsindo bibiri kuri kimwe.

Ku ruhande rwa Uruguay ivyo bitsindo vyinjijwe n’abakinyi, Edinson Cavani, ku munuta wa 7 na 62. Naho ku ruhande rwa Portugal igitsindo cinjijwe n’umukinyi Pepe.

Imirwi imaze kwunguruza gushika ubu muri kimwe ca Kane c’iki gikombe c’isi yose ni Ubufransa, Uruguay, Uburusiya, Croatia na Brezil.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG