Uko wahagera

Ubufaransa: Umunyororo Redoine Faid Yatorotse Ibohero Muri Kajugujugu


Iyi sanamu yafashwe kw'iariki 1/07/2018, i Gonesse, mu buraruko bwa Paris, yerekana umuporisi ari hafi ya kajugujugu yatawe n'umugizi wa nabi w'Umufaransa Redoine Faid inyuma yo gutoroka ibohero ry'i Reau, mu Bufaransa.
Iyi sanamu yafashwe kw'iariki 1/07/2018, i Gonesse, mu buraruko bwa Paris, yerekana umuporisi ari hafi ya kajugujugu yatawe n'umugizi wa nabi w'Umufaransa Redoine Faid inyuma yo gutoroka ibohero ry'i Reau, mu Bufaransa.

Umugizi wa nabi karuhariwe azwi cane mu Bufaransa yatorotse ibohero yari afungiwemwo. Uwo mugabo atorotse ibihero inyuma y'aho abantu batatu bari bitwaje ibirwanisho bikomakomeye baje kw'ibohero yari afungiwemwo baramutwara muri kajugujugu.

Redoine Faid w’imyaka 46, yari afungiwe igihano c’umunyororo w’imyaka 25 kubera ukwica umupolisi aho yariko agerageza gusahura ibintu mu mwaka w'i 2010.

Nicole Belloubet, umushikiranganji w’Ubufaransa ajejwe ubutungane avuga ati “Ukwo gutoroka kwabaye igikorwa gitanganje cane. Igikorwa cari giteguwe kandi neza mu buryo bwa gikomando, ku buryo abagikoze bashobora kuba baranakoresheje indege za Drone zidakenera abadereva, kugira bagenduze akarere imbere yo kugikora.

Iyo kajugujugu yakoreshejwe mu gutorokesha Faid, bayitoye mu karere ka Garges-les-Gonesse mu bigwati vy’uburaruko bw'igisagara ca Paris bayituriye.

Si ubwa mbere uwo mugabo Faid atoroka ibohero. Mu mwaka w'i 2013 yaturikije igisasu bita dinamite mu gutoroka ibohero riri mu buraruko bw’Ubufaransa. Igipolisi camufashe inyuma y’indwi zitandatu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG