Uko wahagera

Trump Arashigikiye Ibiro ICE Bijejwe Umutekano ku Mipaka


Abaporisi b'ibiro vya imigration mu ruhigi rw'abagizi ba nabi muri Philadelphia, muri iyi sanamu, itariki 11/05/2016.
Abaporisi b'ibiro vya imigration mu ruhigi rw'abagizi ba nabi muri Philadelphia, muri iyi sanamu, itariki 11/05/2016.

Kuri uno musi wa mungu Prezida wa Reta zunze ubumwe z'Amerika Donald Trump, yabandanije gushigikira icese ibikorwa vy’ibiro vya reta bijejwe gucungera umutekano ku mipaka naho bamwe mu bagize umugambwe w’abademokrate basaba kw’ivyo biro bifutwa.

Bimwe mu vyo Trump yashikirije ku rubuga rwiwe rwa Twitter mu mpera z’iyi ndwi, avuga ati: “Abademokrate bashaka gufuta ibiro vya ICE kandi bakora neza, bagashaka kandi ko imipaka iguma yuguruye. Ati, "ubugizi bwa nabi bwohava bwiyongera bukaba umurengera”.

Mu kiganiro n’ikinyamakuru Fox News, Trump abona ko kubijanye na politike y'igihugu, avuga ati “ Iki kibazo ndagikunda cane”. Yongerako ati ni abademokrate babandanya gusaba kw’ivyo biro vyugarwa ati “ Nibaza ko batazosubira gutsinda amatora n’amwe”.

Trump ntiyagize ico ashikirije kuri twitter yiwe kubijanye n’imyiyerekano yagizwe mu bisagara bitandukanye vy’igihugu, ariko yanditse avuga ati “Iyo abantu binjiye mu gihugu cacu mu buryo butemewe n’amategeko, dutegerezwa ako kanya nyene tubasohora bitarinze kumara imyaka n’imyaka mu nzira z’ubutungane. Avuga ati "amategeko yacu n’aya mbere acuramye kw’isi yose".

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG