Uko wahagera

Inama Rukokoma y'Ibihugu Vya Afrika muri Mauritaniya


Abategetsi muri Afrika bari muri Mauritaniya mu nama rukokoma zizomara imisi ibiri. Abo bategetsi bazoganira ibijanye no kurwanya ruswa hamwe n’ibindi bibazo bihanze umugabane wa Afrika, harimwo n’umutekano.

Aho yugurura icese ayo manama, umukuru w’igihugu ca Mauritaniya, Ould Abdel Aziz yaragabishije ko ikibazo c’umutakano kitifashe neza muri ako karere. Ni mugihe abantu bane bari baherutse kwicwa mu gitero cagizwe ku basirikare b’Abafaransa bajejwe umutekano mu gihugu ca Mali.

Prezida Aziz asaba ko hafatwa ingingo zikomeye mu bijanye no kurwanya iterabwoba. Avuga ati, "Intambwe nziza zizova mu kuja hamwe tugatorera umuti ibibazo vy’ubutunzi n’ibijanye n'ubuzima bwa misi yose, bigenda bituma urwaruka rufata inzira z’ubugizi bwa nabi."

Ivyo prezida Aziz abivuga mu gihe igihugu ca Mali kimaze imisi gihanzwe n’umutekano muke. Igitero cabaye kuri uno musi wa mungu, cabaye imisi mike inyuma y'aho habaye ikindi gitero cagizwe n’abarwanyi b’abayisilamu bateye ibiro bikuru vy’inteko z’umuryango ugizwe n'ibihugu bitanu vya Afrika i Bamako. Ico gitero cahitanye abantu batandatu.

Muri iryo huriro ry'imisi ibiri, abategetsi ba Afrika biteguriye kandi kuganira ku nzira y’amahoro mu gihugu ca Sudani y’Epfo hamwe n’umwumvikano hagati ya Ethiopiya na Eritreya.

Abo bategetsi biteze kandi kuganira ku matora y’abakuru b’ibihugu y’imirije kuba muri Mali, Kameruni, Republika iharanira Demokarasi ya Congo na Zimbabwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG