Uko wahagera

Al-Shabab Yagandaguye Abantu Batanu Muri Somaliya


Abakozi bo mu gisata c'amagara y'abantu bafasha umuntu yakomerekejwe n'igisasu, ku bitaro vy'i Medina, mugihe Somaliya yahimbaza umusi wo kwikukira i Mogadishu, Somaliya, itariki 1/07/2018.

Muri Somaliya abasivile bashika kuri batanu bishwe, abandi cumi barakomereka mu gitero cagizwe n' abarwanyi ba al-Shabab hakoreshejwe ibisasu bikomeye birungikwa mu kirere. Ico gitero cagizwe k'umurwa mukuru i Mogadishu.

Ayo makuru aremezwa na Abdulaziz Ali Ibrahim, umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe umutekano. Uwo mutegetsi yabwiye ijwi ry’ Amerika ko abo bantu bose bakomerekejwe n’ivyo bisasu biterwa mu kirere.

Abahinga bakurikiranira hafi ibijanye n’umutekano i Mogadishu, babwiye ijwi ry’ Amerika kw’ivyo bisasu bikomakomeye vyaguye ku mutaga w'uno musi mu kigwati ca Wadajir hafi y’ibiro bikuru vy’inteko z’umuryango w’ubumwe bwa Afrika zijejwe gucungera umutekano muri Somaliya AMISOM. Ico kigwati al-Shabab yateye kiri hafi y’ikibuga c’indege c'i Mogadishu.

Abarwanyi ba al-Shabab biyitiriye ico gitero cabaye kuri uno musi wa mungu. Bavuga kandi kw’ico gitero bagize catumbera ivyo biro vy’inteko z’umuryango wa Afrika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG