Uko wahagera

USA: Abashika 5 Bishwe Barashwe Ahakorera Ikinyamakuru


Ahabereye ubwicanyi ku kinyamakuru Capital Gazette mu gisagara ca Annapolis, muri reta ya Maryland, itariki 28/06/2018.
Ahabereye ubwicanyi ku kinyamakuru Capital Gazette mu gisagara ca Annapolis, muri reta ya Maryland, itariki 28/06/2018.

Abantu bashika kuri batanu barishwe n’umuntu yari yitwaje inkoho inyuma yo kurasa mu biro bikoreramwo abakozi b’ikinyamakuru candika mu gisagara ca Annapolis, muri reta ya Maryland, muri Reta zunze ubumwe z'Amerika.

Abategetsi b’igiporisi bavuga ko abandi bantu babiri bakomeretse cane kandi bavuga ko uwukekwa gukora ubwo bwicanyi yafashwe.

Ababonye igihe vyaba, bavuga ko uwo mugizi wa nabi yarashe atumbereza ku biyo vy’umuryango w’ikinyamakuru Capital Gazette mu masaha ya sa cenda z’umuhingamo aca abona kwica abakozi baco batanu.

Igiporisi cavuze ko kiriko kirabaza uwo yarashe, ariko icatumye akora ubwo bwicanyi ntikiramenyekana.



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG