Uko wahagera

Umubonano Hagati ya Trump na Putin Urabandanya Utegurwa


Perezida Donald Trump wa Reta zunze ubumwe z'Amerika na Vladimir Putin w'Uburusiya, aho bari mu nama i dananga, muri Vietnam, itariki 11/11/2017.

Abategetsi mu Burusiya bavuga ko Perezida Vladimir Putin na Donald Trump bumvikanye kuzohurira mu kindi gihugu mu nama izobahuza.

Iryo tangazo ryashikirijwe ejo ku musi wa gatatu mugihe umuhanuzi muvy’umutekano mu gihugu mu biro vya Perezida Trump John Bolton yari i Moscou mu biganiro na Putin hamwe n’abandi bategetsi b’Uburusiya.

Abategetsi b’Uburusiya bavuze ko igisagara Trump na Putin bazobonaniramwo gishobora gutangazwa kuri uyu wa kane.

Uwo mubonano utegekanywa kuba inyuma y’aho Trump azoba ahejeje kwitaba iyindi nama y’ishirahamwe ry’ibihugu vyo mu burengero rijejwe kwivuna abansi OTAN, izoba ku magenekerezo ya 11 na 12 z’ukwezi kw’indwi.

hanugwanugwa ko abo bategetsi bashobora kuzobonanira i Vienne muri Autriche canke i Helsinki muri Finlande.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG