Uko wahagera

USA Iragabisha Abarangura Ibitoro muri Irani


Iran Oil Gas
Iran Oil Gas

Umwe ma bategetsi bakomeye mu bushikiranganji bw’imigenderanire ya Reta zunze ubumwe z’Amerika yabwiye abamenyeshamakuru ko Amerika yipfuza yuko gushika kw’itariki ya 4 y’ukwezi kwa cumi na rimwe, amakompanyi yose yo kw’isi yoba yahagaritse kugurira igitoro muri Irani kugeza ku rugero rw’ubuza, atar’uko azofatirwa ibihano na Reta zunze ubumwe z’Amerika.

Uwo mutegetsi w’Amerika yavuze ko yabonanye n’abadiplomate b’Abanyaburaya abashikiriza ubutumwa bw’uko reta ya Trump igiye gukomeza ibihano bishasha kuri Irani, inyuma yuko Perezida Trump akuriye Amerika mu masezerano ya Nikleyeli mu kwezi kwa gatanu.

Uwo mutegetsi kandi yavuze ko ibihugu bigabishwa atari Uburaya gusa, ariko n’Ubuhindi, Ubushinwa na Turukiya kandi nabo agiye kuzobagendera abashikirize ubwo butumwa nyene.

Mwomenya ko Ubwongereza, Ubufaransa, Ubudagi hamwe n’ishirahamwe rya Buraya ryose bitashimye kubona Trump avuye mu masezerano na Irani kandi bemeza ko bazokora kugira bakingire amakompanyi yabo n'inyungu bafitiye muri Irani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG