Uko wahagera

USA: Sentare Ntahinyuzwa Yashigikiye Ingingo ya Prezida Trump


Prezida wa Amerika, Donald Trump

Sentare nkuru ntahinyuzwa ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika yafashe ingingo ishigikira ingingo yari yafashe na reta ya Pezida Trump, ibuza abanyagihugu bo mu bihugu bimwe bimwe, ahanini bigwiriyemwo abayislamu, kwinjira muri Amerika:

Iyo ngingo rero irahaye intsinzi President Donald Trump kuko mur’iki gihe, ashobora gushira mu ngiro iyo ngingo idahurirwako na bose.

Ku majwi atanu yemeye iyo ngingo n’ane yayihakanye, iyo sentare yavuze ko President afise uburenganzira ahabwa n’ibwirizwa shingiro, bwo kugabanya igitigiri c’abanyamahanga bagendera muri Amerika, afatiye ku makenga y’umutekano, nk’uko reta ya Trump yamye ibivuga.

Umwe mu bacamanza icenda bo mur’iyo sentare, John Roberts, niwe yashikirije ijwi ryatumye abatoye gushikira reta ya Prezida Trump kur’ico kibazo, batsinda, akaba yagize ati: Ingingo ya Prezida Trump yo kubuza abanyagihugu bava mu bihugu bimwe bimwe kungendera muri Amerika, iri mu bubasha n’uburenganzira bwiwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG