Uko wahagera

Ibisasu 2 vya Rokete vya Israeli Vyatewe Hafi y’Ikibanza c’Indege i Damas.


Ibimodoka vya blinde vya Israel mu mitumba ya Golan

Ikinyamakuru ca Reta ya Siriya catangaje amakuru avuga kw’uyu musi ku wa kabiri, ibisasu bibiri vya rokete vy’igihugu ca Israeli, vyatewe hafi y’ikibanza c’indege ku murwa mukuru Damas.

Ibiro bijejwe gutangaza amakuru SANA bivuga kw’iyo nkuru yatangajwe, itavuze ivyononekaye, mu gihe igihugu ca Israeli coco catangaje ko carashe kubera abagwanya ubutegetsi mu bumanuko bw’igihugu ca Syria, batakaje ibitari bike mu misi iheze.

Ishirahamwe rigenduza agateka ka zina muntu mu gihugu ca Siriya rifise icicaro mu gihugu c’Ubwongereza, ryatangaje kw’ivyo bisasu vya rokete, vyatewe mu kibanza kibikwamwo ibigwanisho bikoreshwa n’imirwi yitwaje ibigwanisho, ikorana na reta ya Siriya.

Iighugu ca Israeli kiramaze gukora ibitero vy’indege akatari gake mur’iyo ngwano yo mu gihugu ca Siriya. Kenshi na kenshi ivyo bitero, ngo bifise umugambi wo guhagarika uruja n’uruza rw’ibigwanisho birungikirwa umurwi Hezbolla mu gihugu ca Libani, ushigikiwe n’igihugu ca Irani.

Ivyo bitero ngo bifise rero umugambi wo kubuza igihugu ca Irani gushinga imizi mu gihugu ca Siriya, ngo kuko vyogeramira umutekano w’igihugu ca Israeli..

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG