Uko wahagera

Abategetsi Bakomeye ba Eritrea Bashitse muri Etiyopiya


Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Eritreya, Osman Sale, hagati i buryo kw'ifoto, yakiwe n'umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya, Abiy Ahmed, i bubamfu kw'ifoto, ku kibuga c'indege co ku murwa mukuru, Addis Abeba
Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Eritreya, Osman Sale, hagati i buryo kw'ifoto, yakiwe n'umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya, Abiy Ahmed, i bubamfu kw'ifoto, ku kibuga c'indege co ku murwa mukuru, Addis Abeba

Abategetsi bakomeye bo mu gihugu ca Eritrea, bashitse mu gihugu ca Ethiopia uyu musi ku wa kabiri mu biganiro vya mbere vy’amahoro bitari bwabe mu kiringo c’imyaka 20, irangiye.

Umushikiranganji w’igihugu ca Eritrea ajejwe imigenderanire Osman Sale hamwe n’abandi bategetsi, bakiriwe n’umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Ethiopia Abiy Ahmed ku kibanza c’indege c’I Addis Abeba.

Izo ntumwa zigiye mu gihugu ca Ethiopia inyuma y’aho Abiy; umushikiranganji wa mbere mushasha w’igihugu ca Ethiopia atangarije igihugu ciwe mu ntango z’uku kwezi, ko yemeye amasezerano y’amahoro yo mu mwaka w’2000, yatumye ingwano yo ku rubibe yahitanye ubuzima bw’abantu ibihumbi n’ibihumbi, irangira.

Naho ingwano nyakuri yarangiye, amasezerano y’amahoro ntiyigeze ashirwa mu ngiro, kandi imigenderanire hagati y’ivyo bihugu uko ari bibiri, yagumyemwo uruhagarara.

Igihugu ca Ethiopia hamwe n’igihugu ca Eritrea, ntibiragira imigenderanire kandi ingabo zavyo zaratanye mu mitwe akatari gake mur’iyi myaka iheze.

Urugendo rugizwe n’intumwa z’igihugu ca Eritrea, ni rwo rugendo rwa mbere rubaye kuva ingwano yadutse mu mwaka w’1998, kandi rubaye inyuma y’aho ivyo bihugu uko ari bibiri, vyerekaniye ubushake mu kurangiza iyo ngwano yamaze igihe kirekire kurusha izindi ngwano zose zabaye muri Afrika.

Iighugu ca Ethiopia caranse kwemera amasezerano yahaye igihugu ca Eritrea ibisagara bikomeye birimwo igisagara ca Badme, kikiri mu minwe y’igihugu ca Ethiopia.

Prezida wa Eritrea, Isaias Afwerki, amaze igihe kikire ku butegetsi, mu misi iheze yaratangaje ko yemeye intambwe ziboneka zakozwe, yongera aratangaza kw’azorungika intumwa mu gihugu ca Ethiopia zizoja kwirabira ukuntu ibintu vyifashe kugira ngo afate imigambi yo muri kazoza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG