Uko wahagera

Trump: Abaca mu Nzira Zitemewe Bakwiye Gusubizwa Inyuma Bagifatwa


Perezida Donald Trump mu nama n'abagize reta yiwe muri White House, itariki 21/06/2018.
Perezida Donald Trump mu nama n'abagize reta yiwe muri White House, itariki 21/06/2018.

Perezida Donald Trump wa Reta zunze ubumwe z’Amerika yasavye kuri uyu w’Imana ko abimukira binjira muri Reta zunze ubumwe z’Amerika mu nzira zitemewe n’amategeko basubizwa iyo baje bava ubwo nyene batarinze no kwumvirizwa n’ubutungane.

Mu butumwa bugufi bwa Twitter yavuze ati: “Ntidushobora kwemerera abo bantu bose ko batera igihugu cacu."

Umutegetsi w’Amerika aremeza ko amategeko agenga ivy’impunzi n’abimukira y’Amerika ari agatwengo kw’isi hose, kandi arenganya abaca mu nzira zemewe n’amategeko kandi barindira imyaka n’imyaka kugeza batunganirijwe."

Ivyo bisabwa na Trump bishobora kugorana gushirwa mu ngiro na nyaburya hasanzwe hari ukudahuza mu bashingamateka kw’ihinyanyurwa ry’amategeko agenga impunzi n’abimukira.

Perezida Trump yongeye gusubiramwo ivyo yasavye ko abokwemererwa kwinjira muri Amerika boba bafitiye akamaro igihugu-ati dukeneye abantu bazofasha kugira Amerika yongere gukomera “Make America Great Again!"

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG