Uko wahagera

Umubonano Hagati ya Trump na Putin


Prezidanse ya Amerika yatangaje kw’inama nkuru hagati ya Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump hamwe na Prezida w’Uburusiya Vladimir Putin, iriko irategurwa.

Amakuru atangazwa n’ibinyamakuru yatangajwe n’abantu badashaka kw’amazina yabo amenyekana, avuga kw’iyo nama itegekanijwe mu kwezi kuza, igihe Trump azoba ari mu rugendo mu bihugu vya Bulaya.

Abo bategetsi bashobora kubonana imbere y’inama nkuru y’ibihugu bihurikiye mw’ishirahamwe OTAN, itegekanijwe ku magenekerezo ya 11 na 12 y’ukwezi kw’indwi, i Buruseri mu gihugu c’Ububirigi, canke ikaba imisi ibiri inyuma y’aho, Prezida Trump azoba avuye mu rugendo mu gihugu c’Ubwongereza.

Umuvugizi w’urwego rujejwe umutekano muri Amerika, Garret Marquis yanditse kuri Twitter agira ati: "Ku magenekerezo ya 25 na 27 y’uku kwezi kwa gatandatu, umuhanuzi ajejwe ivy'umutekano mu biro vya Perezida w'Amerika John Bolton azobonana n’abategetsi bacuditse na Reta Zunze Ubumwe za Amerika i Londres hamwe n’i Roma.

Intumbero y'uwo mubonano n'ukugira ngo baganire ku bibazo vyerekeye umutekano, hanyuma ace aja mu gihugu c’Uburusiya, kugira aganire ku vyerekeye inama nkuru ishobora kuba hagati ya Prezida Trump na Prezida Putin.

Umuvugizi wa Putin, Dmitry Peskov, nawe nyene yemeje ayo makuru avuga ko Bolton azogendera igihugu c’Uburusiya mu ndwi iza mu mugambi wo gutegura urwo rugendo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG