Uko wahagera

Bemeye Guhagarika Imyimenyerezo ya Gisirikare muri Pacifike


Abasirikare ba USA na Koreya y'epfo mu myimenyerezo ya gisirikare, Seoul, Koreya y'Epfo.
Abasirikare ba USA na Koreya y'epfo mu myimenyerezo ya gisirikare, Seoul, Koreya y'Epfo.

Abategetsi ba Gisirikare ba Reta zunze ubumwe z’Amerika na Koreya y’Epfo bumvikanye guhagarika imyimenyerezo ya gisirikare itegekanijwe muri uku kwezi kwa munani.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi muri Amerika, Dana White yemeje ayo makuru kuri uyu wa mbere. Yavuze ko imyimenyerezo ya gisirikare mu karere ka Pacifike n’ibindi bihugu yoyo izobandanya.

Perezida Donald Trump yasezeranye guhagarika iyo myimenyerezo y’intambara inyuma y’aho abonaniye n’umutegetsi wa Koreya ya Ruguru, Kim Jong Un mu ndwi irangiye.

Iyo ngingo ya Trump ishobora gufasha abari mu biganiro vya Nikleyeli bizonatuma Koreya ya Ruguru itezurirwa ibihano vy’ubutunzi yafatiwe, Amerika nayo ikahabonera icitwazo co gusaba ko ibirwanisho vya Nikleyeli vyose bisamburwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG