Uko wahagera

Abasirikare 3 ba Kenya Barishwe na Al Shabab


Abajejwe umutekano ba Kenya mu bikorwa vyo gukizura mw'ishamba ry'i Kaisari, hafi ya Mpeketoni, ku nkengera za Kenya, itariki 17/06/2014.
Abajejwe umutekano ba Kenya mu bikorwa vyo gukizura mw'ishamba ry'i Kaisari, hafi ya Mpeketoni, ku nkengera za Kenya, itariki 17/06/2014.

Abajejwe umutekano umunani muri Kenya barishwe mu gitero cakozwe n’abarwanyi ba al-Shabaab ku musi w’Imana mu bumanuko bushira ubuseruko bw’ikomine ya Wajir. Ako karere kamye kabamwo ibitero vy’abarwanyi ba Al shabab bajabuka urubibe bavuye muri Somaliya.

Ico gitero bivugwa ko cabaye mu masaha ya sa munani z’umuhingamo ku musi w’Imana. Abajejwe umutekano bari mu bikorwa vyo gukizura igihe imodokari barimwo yaca ku mutego hafi y’igisagara ca Bojigaras, al shabab ica itangura kurungika amasasu kur’abo basirikare.

Uburaruko bushira ubuseruko bwa Kenya bwama bwabayemwo ugutana mu mitwe na al-Shabab.

Iki kibaye igitero kigira kabiri gikozwe na al-Shabab mur’iyo komine uyu mwaka; mu kwezi kwa kabiri, abo barwanyi bishe abantu batatu kw’ishure ry’intango ry’ahitwa Qarsa.

Al-Shabab itera mu kwihora ko abasirikare ba Kenya bari mu nteko za AMISOM muri Somaliya, gushigikira reta ya Somaliya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG