Uko wahagera

Colombiya: Ivan Duque Yatsinze Amatora y'Umukuru w'Igihugu

Ivan Duque, umukandida w'umugambwe Democratic, ariko ahimbaza intsinzi mu matora y'umukru w'igihugu i Bogota, yatsize Gustavo Petro, yahoze ari umukuru w'igisagara ca Bogota.
Ivan Duque, umukandida w'umugambwe Democratic, ariko ahimbaza intsinzi mu matora y'umukru w'igihugu i Bogota, yatsize Gustavo Petro, yahoze ari umukuru w'igisagara ca Bogota.

Umushingamateka Ivan Duque niwe yatsinze amatora y’umukuru w’igihugu kuri uyu w’Imana muri Colombiya, aca yemera ko agiye gusubiramwo kwandika gushasha amasezerano y’amahoro reta yamvikanyeko n’umuhari FARC wahoze uyirwanya.

Duque yatsinze uwahoze ari umurwanyi kandi akaba yarabaye umukuru w’umurwa mukuru Bogota, Gustavo Petro, ku majwi 54 kuri 42 kw’ijana mu gice ca kabiri c’amatora cabaye ku musi w’Imana.

Petro ashigikiye amasezerano y’amahoro n’umuhari FARC. Yiyamamaje avuga ko amatongo ya reta ataco akoreshwa azoyaha abarimyi b’abakene.

Ariko Duque yemeye ko azoshiraho icuka ciza kizotuma ubutunzi bugeze habi bunaguka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG