Uko wahagera

Uburusiya 2018: Misiri na Maroke mu Nkino Zabo za Mbere


Russia Soccer WCup Russia Saudi Arabia
Russia Soccer WCup Russia Saudi Arabia

Ihiganwa ry’igikombe c’umupira w’amaguru kw’isi catanguye ejo ku musi wa kane, Uburusiya bwakiriye izo nkino bwirahira Arabiya Sawudite ibitsindo 5-0 mu rukino rwa mbere rwuguruye iryo higanwa.

Kuri uyu wa gatanu, Misiri ihura na Uruguay, Moroke ikine na Iran mugihe Portugal ihura na Espanye.

Perezida w’uburusiya Vladimir Putin yaritabiriye ibirori vyo kwugurura iryo higanwa muri Stade Luzhniki y’i Moscou yakira abantu ibihumbi 80.

Uburusiya bwakoresheje imiriyaridi 13 z’Amadolari y’Abanyamerika yo gutunganya izo nkino zibera mu bisagara cumi na kimwe.

Uwuzotahukana ico gikombe azomenyekana itariki 15 z’ukwezi kw’indwi uyu mwaka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG