Uko wahagera

Putin Aripfuza ko Kim Jong Un Agendera Uburusiya


Perezida w'Uburusiya Vladimir Putin, ibubamfu, n'umutegetsi wa Koreya ya ruguru ajejwe gutunganya amanama Kim Yong-nam baramukanya mu nama yabahuje i Moscou, mu Burusiya, itariki 9/05/2015.
Perezida w'Uburusiya Vladimir Putin, ibubamfu, n'umutegetsi wa Koreya ya ruguru ajejwe gutunganya amanama Kim Yong-nam baramukanya mu nama yabahuje i Moscou, mu Burusiya, itariki 9/05/2015.

Perezida Vladimir Putin kuri uyu wa kane yararungikanye urwandiko umutegetsi wo muri Koreya ya ruguru rutumira Perezida Kim Jong Un kugendera Uburusiya mu ntumbero yo kumushimira kuvyavuye mu nama yamuhuje na Perezida Donald Trump.

Igihe yakira Kim Yong Nam, ajejwe gutunganya amanama muri Koreya ya Ruguru, Putin yavuze ko inama ya Kim na Trump yabaye intambwe ya mbere ikomeye igana ku gutorera umuti urama ibibazo vyo mu karere ka Koreya.

Putin yavuze ko yonezerwa no kwakira Kim mu Burusiya, mugihe c’inama mpuzamakungu y’Ubutunzi izobera mu gisagara ca Vladivostok mu kwezi kw’icenda.

Kim Jong Un ntaragendera na rimwe Uburusiya.

Umushikiranganji w’imigenderanire n’amakungu w’Uburusiya Sergei Lavrov yabaye umutegetsi wa mbere w’Uburusiya yabonanye na Kim igihe yagira urugendo i Pyongyang mu mpera z’ukwezi kwa gatanu.

Ivyo bihugu bibiri bisangiye ubutaka buto buri ku rubibe bihana kandi bifitaniye imigenderanire ikomeye kuva kera.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG