Uko wahagera

Zimbabwe: Abakandida 23 mu Matora y'Umukuru w'Igihugu


Igicapo ca Perezida Emmerson Mnangagwa nk'umukandida mu matora y'umukuru w'igihugu muri Zimbabwe, i Harare, Itariki 4/05/2018.

Abakandida 23 harimwo n'umukuru w’igihugu, Emmerson Mnangagwa nibo bari bamaze kumenyekana ku musi wa kane ko bazohiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu muri Zimbabwe, amatora ategekanijwe kw’itariki 30 z’ukwezi kw’indwi. Ivyo vyatangajwe n’umukuru wa Komisiyo ijejwe gutunganya amatora muri Zimbabwe.

Azoba abaye amatora ya mbere muri Zimbabwe kuva Robert Mugabe akuwe ku butegetsi mu kwezi kwa cumi na rimwe, inyuma y’imyaka 37 yari amaze ku butegetsi.

Mnangagwa aza yaramaze gutumira abarorerezi bo mu bihugu vy’uburengero bw’isi hamwe n’ibihugu bihurikiye mw’ishirahamwe Commonwealth gukurikirana ayo matora. Izoba ibaye incuro ya mbere ivyo biba, haraheze imyaka irenga cumi.

Amatora y’imbere y’aho yabayemwo ubusuma, iterabwoba n’ubwicanyi bwahitanye abatavugarumwe n’ubutegetsi batari bake mu mwaka w’2008.

Emmerson Mnangagwa, w’imyaka 75, wo mu mugambwe uri ku butegetsi ZANU-PF hamwe na Nelson Chamisa, w’imyaka 40, wo mu mugambwe MDC, nibo bahabwa amahirwe yo kuzotahukana intsinzi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG