Abantu 2 bishwe basogowe imbugita, uno musi ku wa kane, mu musigiti mu gisagara ca Malmesbury, mu bumanuko bushira uburengero bw’igihugu ca Afrika y’epfo. Uwagize ico gitero yarashwe n’igipolisi. Ivyo bibaye ukwezi kumwe inyuma y’igitero gisa n’ico cabereye mu wundi musigiti mu gihugu.
Igipolisi citavye hakiri kare mu mugisiti wo mu gisagara ca Malmesbury, ku bilometero 60 umuntu avuye mu buraruko mu karere ka Cap. Igipolisi catoye ibiziga vy’abantu 2 bishwe basogoswe imbugita.
Uwagize ico gitero, afise imyaka mirongo itatu, yari afise imbugita yagerageje gutera abapolisi bariko bagerageza kumwumvisha kwishikiriza. Yihojeje akamo kabo, bakaba baciye bamurasa.
Uwikekwa mu gitero co ku musigiti c’uno musi ku wa kane yakomerekeje abandi bantu 2, bajanywe mu bitaro. Nta birenga aho vyatangajwe ku mpamvu z’uwagize ico gitero. Avurwa ko afise ubwenegihugu bwo muri Somaliya. Yamara igipolisi nticashatse kwemeza iyo nkuru bunonyene.
Igitigiri kinini c’abapolisi barungitswe ahabereye igitero c’uno musi ku wa kane.
Umutegetsi akomeye wo mu mugambwe uri ku butegetsi muri Afrika y’epfo, ANC, yihutiye kuja buno nyene ahabereye ico gitero, atwaye ubutumwa bwa Prezida Cyril Ramaphosa.
Facebook Forum