Uko wahagera

ONU Yemeje Integuro y'Itegeko Rikingira Abanyepalestina


Abanyepalestina bari mu myigaragamvyo bihisha amasasu ya Isirayeli, ku musi witiriwe Yerusalemu, ku rubibe rwa Isirayeli na Gaza Strip, itariki 8/06/2018.

Inama ya bose y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yemeje kuri uyu wa gatatu integuro y’itegeko risaba gukingira abasivile ba Palestina bari munsi y’ubutegetsi bwa Isirayeli, inyuma y’aho Reta zunze ubumwe z’Amerika zihagarikiye itegeko nk’iryo mu kanama kajejwe amahoro n’umutekano.

Mugihe iryo tegeko ataco rivuga ku muhari Hamas, riranegura ubwicanyi bwose bukorerwa abasivile, ibikorwa vy’iterabwoba hamwe n’agasotoro, hamwe no gusambura.

Riranegura kandi ugukoresha inguvu zirenze kw’abasirikare ba Isirayeli kubasivile b’Abanyepalestina.

Abasirikare ba Isirayeli bamaze kwica Abanyepalestina bashika kw’120 kuva mu mpera z’ukwezi kwa gatatu, bituma amakungu yagiriza ico gihugu ko gikoresha inguvu zirenze.

Isirayeli yagiriza umuhari Hamas kuba ariwo usomborotsa intambara kuburyo ico Isirayeli ikora ari ugucungera urubibe rwayo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG