Perezida wa Sudani y’ubumanuko, Salva Kiir hamwe n’umukuru w’abarwanyi, Riek Machar bazobonana amaso mu yandi mu biganiro kw’itariki ya 20 z’uku kwezi kwa gatandatu i Addis Abeba, ku twigoro tw’umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya Abiy Ahmed, yiyemeje kubahuza.
Ntaco reta ya Sudani y’epfo canke ishirahamwe ry’ubutunzi rihurikiyemwo ibihugu vyo muri ako karere IGAD barabivugako.
Umuvugizi wa Perezida Kiir, Ateny Wek Ateny, we yavuze ko ubwo butumire ari ikintu gihambaye.
Nawe umuvugizi w’umuhari SPLM urwanya reta, Mabior Garang yemereye ubutegetsi bwa Sudani y’epfo ko Machar azova muri Afrika y’epfo asanzwe aba yerekeze muri Etiyopiya mur'uyo mubonano.
Garang yavuze ko urutonde rw’ibizoganirwako rutaramenyekana, ariko ko abo bategetsi babiri bazovugana ibibazo vyazingamitse umugambi w’amahoro muri Sudani y’epfo.
Uyo mubonano hagati ya Kiir na Machar uzoba ubaye uwa mbere, kuva aho amasezerano y’amahoro yasinywe na reta ya Kiir hamwe n’umuhari w’abarwanyi urongowe na Machar abaye impfagusa mu kwezi kw’umunani umwaka w'2016.
Facebook Forum