Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, yatangaje uno musi ku wa gatatu kw’igihugu ca Koreya ya ruguru ata bwoba kigiteye ku bijanye n’ibirwanisho ruhonyanganda. Ivyo Prezida Trump yabitangaje mu gihe yari atahutse avuye mu nama n’umutegetsi kizigenza wa Koreya ya ruguru, Kim Jong Un, muri Singapour.
Mu butumwa yanditse kuri Twitter, Trump yavuze ko abantu bose bashobora kwumva ko bafise umutekano kurusha igihe yashikira ubutegetsi. Yamenyesheje kw’inama hagati yiwe na Kim Jong Un cabaye ikintu ciza cane. Yavuze ko Koreya ya ruguru ishobora kugira kazoza kena cane.
Kim Jong Un, yemeye ku musi wa kabiri gukuraho ibirwanisho ruhonyanganda vyose mu kigobe ca Koreya, mu nama na Prezida Trump. Ni mugihe Trump yatangaje, mu bitari vyitezwe, ko azohagarika imyimenyerezo ya gisirikare Amerika yahora igirana na Koreya y’epfo.
Urwandiko Prezida Trump na Kim Jong Un bateyeko umukono ntiruvuga neza ukugene n’igihe Koreya ya ruguru yokuraho ibirwanisho ruhonyanganda. Urwo rwandiko kandi ntirwatangaje neza ingingo Amerika yofata kugira ihumurize Koreya ya ruguru ku bijanye n’umutekano.
Inama hagati ya prezida Trump na Kim Jong Un n’inama ya mbere umuprezida wa Amerika ari mu mabanga yiwe agiranye n’umutegetsi kizigenza wa Koreya ya ruguru.
Prezida Trump yarashigikiye amasezerano yagiranye na Kim Jong Un, mu kuvuga ko ari intambwe ikomeye mu gutorera inyishu ikibazo c’ibirwanisho ruhonyanganda vya Koreya ya ruguru.
Facebook Forum