Uko wahagera

USA, Canada na Mexike Bizokwakira Mondial ya 2026


Igikombe c’isi yose c’umupira w’amaguru co mu mwaka w’i 2026 kizokwakirwa na Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Canada na Mexique.

Ibihugu bigize ishirahamwe mpuzamakungu ry’umupira w’amaguru FIFA, vyahisemwo ivyo bihugu bitatu vyari vyasabiye hamwe kwakira igikombe c’isi yose co mu mwaka w’i 2026. Vyahiganwa n’igihugu ca Maroc. Ivyo bihugu vyaronse amajwi 134 ku majwi 65 y’igihugu ca Maroc.

Ibihugu bigize ishirahamwe FIFA vyatoye mw’ikoraniro ryavyo ku murwa mukuru w’Uburusiya uno musi ku wa gatatu. Igikombe c’isi yose co mu mwaka w’i 2026 nico kizoba kigizwe n’ibihugu vyinshi cane kurusha ibikombe vy’imbere yaho. N’ukuvuga ibihugu 46 bizokina inkino 80 mu misi irenga 34.

Ibihugu biri mu gikombe c’isi yose c’umupira w’amaguru c’uyu mwaka kizotangura ejo ku musi wa kane mu gihugu c’Uburusiya ni 32.

Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Carlos Cordeiro, yatangaje ko urukino rw’umupira w’amaguru arirwo rwatsinze. Yashimiye ibihugu bigize ishirahamwe FIFA kw’iteka n’icizere vyahaye Amerika, Canada na Mexique ku bijanye n’ukwakira igikombe c’isi yose co mu mwaka w’i 2026.

Ku bihugu 211 bigize ishirahamwe FIFA, ibihugu 200 nivyo vyatoye uno musi ku wa gatatu mw’ikoraniro rigira irya 68 rya FIFA, ku murwa makuru w’Uburusiya, Moscou. Hari hakenewe amajwi 104 kugira impande zahiganwa zitahire intsinzi. Bwari ubugira gatanu igihugu ca Maroc gihiganirwa kwakira igikombe c’isi yose.

Amerika na Mexique vyari bimaze kwakira igikombe c’isi yose imbere yaho. Mexique yakiye igikombe c’isi yose mu mwaka w’i 1970 n’umwaka w’i 1986, mu gihe Amerika yakiye ico gikombe mu mwaka w’i 1994.

Canada yakiye igikombe c’isi yose c’abapfasoni mu mwaka w’i 2015.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG