Umutegetsi wa mbere wo mu begereye Kim Jong Un yagize ico avuga ku nama yahurije muri Singapore Perezida Kim na Perezida Donald Trump kandi avuga ko hari ivyizigiro ku bigiye gukurikira.
Uwo mutegetsi atavuzwe izina yagize ati: "Kim Jong Un na Trump baremeranije ko ari ngombwa ko bagenda intambwe ku yindi ku mugambi w’amahoro, umutekano no gukura ibirwanisho ruhonyanganda mw’izinga rya Koreya” ivyo vyashikirijwe n’itororokanirizo ry’amakuru ryegukira reta ya Koreya ya Ruguru.
Ico kinyamakuru kivuga ko casubiyemwo ivyavuzwe na Perezida Kim kiti: Mugihe Reta zunze ubumwe z’Amerika zofata ingingo zubaka ukwizerana, dushobora gufata izindi ngingo nziza” Ariko izo zindi ntambuko zizofatwa ntizavuzwe.
Kim yavuze ko ari ngombwa ko Koreya ya ruguru na Amerika bifata ingingo zihagarika ugusotorana no guterana amajambo y'ubwoba ku ntambara ishobora kuzokwaduka izananye ku mpande zose.
Ico kinyamakuru ca reta kivuga kandi ko Kim yatumiye Trump i Pyongyang mugihe Trump nawe yamutumiye i Washington kandi kivuga ko bose bemeye ubwo butumire kandi ko ari akaryo gahambaye mu gukomeza imigenderanire.
Facebook Forum