Uko wahagera

Hoba Hagiye Kuboneka Agahengwe mu Karere ka Aziya?


Abategetsi bo mu bihugu vyo mu ntara ya Asiya hamwe no mu zindi ntara, barafise icizero kinini muri kazoza, inyuma y’aho uyu musi ku wa kabiri, habereye inama nkuru y’akataraboneka hagati ya Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump hamwe n’umukuru w’igihugu ca Koreya ya ruguru, Kim Jong Un, mu gihugu ca Singapur.

Perezida wa Koreya y’Epfo, Moon Jae-in, ari nawe yafashije kugira ngo ibiganiro hagati y’abo bategesi babiri bibere mu gihugu ca Singapur, yatangaje kw’afise icizere c’uko igihugu ca Koreya ya ruguru kizovavanura n’ibigwanisho ruhonyanganda, yongera avuga ko atashoboye gusinzira mur’iryo joro ryaraye rirangiye.

Mu gihugu c’Ubushinwa naho, umushikiranganji ajejwe imigenderanire, Wang Yi, yabwiye abamenyeshamakuru kw’igihugu c’Ubushinwa kibona kw’ibiganiro hagati y'Amerika hamwe na Koreya ya ruguru, bizovamwo amasezerano y’amahoro azorangiza ingwano yo muri za Koreya.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani, Shinzo Abe nawe, yabwiye abamenyeshamakuru ari kumwe n’umukuru w’igihugu ca Maleziya Mahathir Mohamad ko Korea ya ruguru izogira kazoza keza mu gihe yobandanya ifata inzira nziza.

Mu rwandiko yashikirije mu nyuma, Shinzo Abe yavuze kw’ingingo ya Koreya ya ruguru yo kuvavanura n’ibirwanisho ruhonyanganda, ar’intambwe ikomeye mu nzira nyayo yo kurangiza amatati.

Mu gihugu c’Uburusiya naho, icegera c’umushikiranganji ajejwe imigenderanire Sergei Ryabkov, yavuze ko reta y’Uburusiya yiteguriye gufasha mu gikorwa co gushira mu ngiro amasezerano yapfunditswe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG