Uko wahagera

Umusirikare w'Umurundi wa ONU Yishwe muri Centrafrika


Ugukizura kw'abasirikare ba Minusca mu mabarabara y'i Bria, muri Centrafrika, Itariki 21/02/2017.
Ugukizura kw'abasirikare ba Minusca mu mabarabara y'i Bria, muri Centrafrika, Itariki 21/02/2017.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU, rimenyesha ko umusirikare w’Umurundi ari mu bagiye kubungabunga amahoro yishwe uwundi arakomereka mu gitero c’abitwaje ibirwanisho muri Republika ya Centrafrika.

Ico gitero ku basirikare ba ONU bariko barakizura cabaye ku musi w’Imana i Bambari, mu gice co hagati mu gihugu, nkuko ONU ibishikiriza.

ONU ivuga ko ico gitero gica gishikana ku basirikare babungabunga amahoro 5 bamaze kwicwa muri Centrafrika muri uyu mwaka, mu bitero bibiri vyabaye mu kiringo c’indwi imwe.

Umunyamabanga mukuru wa ONU Antonio Guterres, yaneguye ico gitero kandi avuga ko ibitero nk’ivyo bishobora kwitwa ivyaha vyo mu ntambara kandi abo vyagira bashobora kuzofatirwa ibihano, nkuko vyashikirijwe n’umuvugizi wiwe, Stéphane Dujarric.

Urwo rupfu rubaye mugihe mu ndwi iheze uwundi musirikare yamuka muri Tanzaniya yishwe mu gitero cakomerekeje abandi indwi igihe barwa mu mutego mu mihana iri i Dilapoko mu bumanuko bushira uburengero bwa Centrafrika.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU riri muri Centrafrika kuva mu mwaka w’2014, inyuma y’aho Francois Bozize akuriwe ku butegetsi. ONU ifise abasirikare barenga ibihumbi 11 muri ico gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG