Uko wahagera

Leo Sarkisian wa VOA Yitavye Imana


Leo and Mary Sarkisian

Leo Sarkasian, yatanguje yongera akora ibijanye no kwegeranya ikiganiro c’Ijwi rya Amerika “Music Time in Africa” yaraye yitavye Imana ku musi wa gatanu itariki 8 z’uku kwezi kwa gatandatu. Uwo mutama yahoze akorera ijwi rya Amerika ikiringo kinini, yari afise imyaka 97.

Sarkisian yamaze ikiringo c’imyaka mirongo itanu agendera umugabane wa Afrika yumviriza imiziki yacurangwa n’abanyagihugu yongera afata amajwi y’ayo. Ayo majwi niyo yahavuye akoresha mu gutanguza ikiganiro cahavuye kiba kimwe mu biganiro vy’ijwi rya Amerika mu rurimi rw’icongereza bimaze ikiringo kirekire kuva gitanguye.

Leo Sarkisian yatanguje ico kiganiro mu mwaka wi 1965, akaba yagendeye buri gihugu co muri Africa acuranga umuziki. Yahoze kandi ari mu gisirikare ca Amerika. Azopfubwa mu gisagara ca North Andover muri reta ya Massachusetts mu cubahiro ciwe nk’uwahoze ar'umusirikare w'igihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG