Uko wahagera

Umwumvikano Hagati Ya Misiri Na Etiyopiya Kuruzi Nile


FILE - Tthe Blue Nile river flows near the site of the Grand Ethiopian Renaissance Dam near Assosa, Ethopia, June 28, 2013.

Abategetsi ba Misiri na Etiyopiya bamenyesha ko bashoboye gutera intambwe mu biganiro vyabo vyerekeye ukugerageza gusangira uruzi Nile rufatanya ivyo bihugu vyempi.

Ivyo bihugu bimaze igihe biri mumatati yerekeye urugomero reta ya Etiyopiya yatanguye kwubaka kuri urwo ruzi Nile. Uwo mugambi wa Etiyopiya wateye amakenga reta ya Misiri yuko bashobra gukena amazi basanzwe bakoresha ava muri urwo ruzi.

Ni rwamara kwubakwa, urwo rugomero rwa Etiyopiya rwiswe Renaissance, ruzoba rufise agaciro k’imiriyaridi zine z’amadolari y’amanyamerika kandi rukazoba ar’urugomero rwa mbere runini rutanga umuyangankuba kumugambabe wa Afrika.

Ejo ku musi wa mungu umushikiranganji mukuru wa Etiyopiya Abiy Ahmed yemereye reta ya Misiri yuko urugomero rushasha bariko barubaka rutazogabanya amazi Misiri ikoresha.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG