Uko wahagera

Iraki: Inyubakwa y'Amatora Yarahiye


Abantu bariko baratangarira inyubakwa yahiye muri distrikte ya Pera magroon muri Sulaimaniyah, muri Iraki, Itariki 19/12/2017.
Abantu bariko baratangarira inyubakwa yahiye muri distrikte ya Pera magroon muri Sulaimaniyah, muri Iraki, Itariki 19/12/2017.

Inyubakwa yari ibitswemwo amajwi yavuye mu matora y’abashingamateka, yaradutsemwo umuriro irasha i Bagdad ku murwa mukuru wa Irak, ejo ku musi wa mungu .

Abajejwe kuzimya imiriro bihutiye kuzimya umuriro wari muri imwe mu nyubakwa y’amagorofa yari ibitswemwo ayo majwi hamwe n’ibindi bikoresho vy’amatora. Abajejwe amatora nabo banyarukirayo gusohora no guhungisha amasandugu yari yabitswemwo amajwi.

Abategetsi bavuga ko ata majwi yahononekariye nayo abanyagihugu basaba kw'ayo matora asubirwamwo.

Icateye uwo muriro ntikiramenyekana. Yamara Salim al-Jabouri umukuru w’inama nshingamateka yari ihasanzwe, avuga ko biboneka ko ari igikorwa categuwe n’abantu.

Al-Jabouri avuga ati “ico caha co guturira inyubakwa yarimwo ivyavyuye mu matora, ari icaha categuwe, gikorwa mu ntumbero yo kunyegeza amanyanga yabaye mu matora, hamwe no kubesha abanyagihugu, no guhindura ivyipfuzo vyabo.

Al-Jabouri, asanzwe atatowe mu bashingamateka bashasha asaba ko amatora y'abashingamateka muri ico gihugu asubirwamwo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG