Uko wahagera

Trump Yashitse Muri Singapore Kubonana na Kim


APTOPIX Trump Kim Summit
APTOPIX Trump Kim Summit

Prezida wa reta zunze ubumwe za Amerika Donald Trump n’umukuru w’igihugu ca Koreya ya ruguru Kim Jong Un baraye bashitse muri Singapore ejo ku musi wa mungu. Abo bategetsi bashitse muri ico gihugu munama y’imboneka rimwe Trump yise incuro imwe rudende mu kigoro k’amahoro.

Trump yashitse muri Singapore, igihugu kizwi kuba ataho cegamiye mubiganiro hagati y'ivyo bihugu biriri, mwijoro ryo ku musi wa mungu. Yiteguriye kubonana n’umushikirianganji mukuru wa Singapore Lee Hsien Loong kur' uyu wa mbere. Ku musi wa kabiri niho azoca abonana na Kim, munama yambere y’imbona nkubone itaribwabeho hagati y’umukuru w’igihugu ca Koreya ya ruguru n’umuprezida wa Amerika.

Imbere yuko ashika muri Singapore, Trump yavuze ko atazi neza ukwo inama yo kumusi wa kabiri na prezida Kim izogenda.

Kim yashitse muri Singapore amasaha make imbere ya Trump, yakigwa n’umutegetsi mukuru wa Singapore Lee Hsien kukirimba.

Ntibiramenyekana neza ivyo prezida Trump na Prezida Kim biteguriye kwumvikanako, canke niba iyo nama izovamwo amasezerano ahagarika igihugu ca Koreya ya ruguru guhingura ibigwanisho ruhonyanganda vya Nucleyere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG