Abafasha b’umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli Benjamin Netanyahu bamenyesha ko bibaza ko yateye intambwe ikomeye mu kwumvisha ibihugu vyo mu burengero bw’isi ko bikwiye gukora ibirengeye mu kubuza igihugu ca Irani kugira inguvu mu karere k’uburasirazuba bwo hagati no kubuza Teherani ibikorwa vya gisirikare muri ako karere.
Urugendo Netanyahu aheruka kugira mu karere ka Burayi, rwabaye mu gihe Reta zunze ubumwe z’Amerika ibandanya inegurwa mu makungu ku ngingo yafashe yo kuvavanura n’amasezerano ya Nikleyeli na Irani.
Mu misi ine yamaze muri urwo rugendo, Netanyahu yagendeye abategetsi b’Ubudagi, Ubufaransa hamwe n’Ubwongereza. Abafasha biwe bavuga ko yariko arabumvisha ko bashigikira Isirayeli mu kugira urunani rwo gukumira Irani hamwe no kuyibuza ibikorwa vyayo vya Nikleyeli.
Facebook Forum