Uko wahagera

Kabila Yakiriye Intumwa ya Perezida Putin


Perezida Joseph Kabila wa Republika iharanira demokarasi ya Kongo.
Perezida Joseph Kabila wa Republika iharanira demokarasi ya Kongo.

Perezida wa Republika iharanira Demokrasi ya Kongo, Joseph Kabila, yikekwa n’abo batavuga rumwe na reta ko ashaka kuguma ku butegetsi uko bigenda kwose, yakiriye uno musi ku wa kane, intumwa ya prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin.

Icegera c’umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’Uburusiya, Mikhail Bogdanov, yavuze ko ibibazo vyose vyo mu karere ka Afrika bitegerezwa gutorerwa inyishu n’Abanyafurika bonyene ubwabo.

Uburusiya ni kimwe mu bihugu ntayegayezwa bigize urwego rw’ishirahamwe ONU rujejwe amahoro n’umutekano kw’isi. Urwo rwego rwarasubiye kwongereza, ata n'umwe avuyemwo, ikiringo c’inteko zijejwe kwubahiriza umutekano za ONU zizwi kw’izina rya MONUSCO. Ikintu ca mbere izo nteko zizoba zijejwe n’ugufasha mu gikorwa c'ugutunganya amatora ategekanijwe kw’italiki 23 z’ukwezi kw’icumi na kabiri mu mwaka w’i 2018 muri Kongo.

Ikiringo ca kabiri ari naco ca nyuma ca Prezida Joseph Kabila carangiye kw’italiki 20 z’ukwezi kw’icumi na kabiri mu mwaka w’i 2016.

Kabila avuga ko azokwubahiriza ibwirizwa shingiro. Yamara ntiyatangaje icese ko azova ku butegetsi. Abatavuga rumwe nawe bamwagiriza ko ariko arondera uburyo bw’ukuguma ku butegetsi. Prezida Putin yashigikiye ukutivanga mu bibazo vya politike muri Kongo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG